Umucamanza gito
Magabi Eynew Gessesse
Brian Wambi

Kera habayeho abagabo babiri, Ngeregeze na Gahwibiri. Barabana kandi bose bari abakene.

Umusi umwe ngerageze abwira Gahwibiri ati, "Uyu munsi ngomba gushora amasaka kw'isoko. Araremererye kandi isoko iri kure. Uwompa amafaranga nokwigurira indogoba."

1

Gahwibiri azunguza umutwe ati, "Nanje uno musi ndaja kw'isoko kugura ibigori biraba biremereye ntakabuza. Ndifuza kugura indogo ariko mfise amahera makeya."

2

Ngerageze agira iciyumviro aramwishura ati, "Reka dufatanye tuyigure. Uratanga igice nanje ntange ikindi. Nzoja ndayitwara indwi imwe nawe uyitware iyindi."

Ngerageze na Gahwibiri bagura ya ndogoba. Bamara imisi banezerewe.

3

Umusi umwe, Ngerageze abura se atorana itongo, inka n'intama vyiwe.

Aba umutunzi atagikeneye gukorana na Gahwibiri. Ashaka uruhande rwiwe kuri ya ndogoba.

4

Ngerageze abwira gahwibiri ati, "Imbwa zanje zikeneye inyama none ndagomba kuzibagira irya ndogoba. Mpa rero igica canje, nawe utware rwawe."

Gahwibiri araboroga ati, "Nta nyama nkeneye ico nshaka n'indogoba. Niba ushaka kuyibaga urampa amafaranga y'uruhande rwanje."

Ngerageze ati, "Nta farangana rimwe nzoguha. Igice c'indogoba ni rwanje kandi ndagikeneye." Gahwibiri aramwishura ati, "Reka tuje muri Sentare umucamanza adutature."

5

Ngerageze na gahwibiri baja muri Sentare urubanza rwabo rwakirwa n'umucamanza gito. Ntiyatega amawi ngo yumve ikibazo neza.

Arababaza Ati, "Indogoba ni rwanyu mwese?" Bati, "Ego."

Umucamanza ati, "Aho rero, umwe wese ayifiseko Igice. Nuko rero niba Ngerageze ashaka igice ciwe ashobora kukironka. Nimugende muyice muyicemwo Kabiri."

6

Iyo ngino ishimisha ngerageze. Araheza yica ya ndogoba atwara icakabiri c'inyama zayo ashira imbwa ziwe.

Gahwibiri arababara ariyumvira ati, "Indogoba yanje iragiye. Ubu nije ngiye kugenda nikorera ibintu vyose."

7

Hahaze amezi make, Ngerageze ashaka kwubaka inzu nshansha aribwira ati, "Iyi nzu ishaje nzoyiturira nubake iyindi kandi nini." Atangura gusohora ibintu munzu.

Gahwibiri amubonye amubaza, "Ico ukora n'iki?"

Ngerageze amubwira, "Nshaka guturira inzu yanje nubake iyindi."

Gahwibiri bimutera amakenga aramubwira ati, "Ariko inzu yawe yegeranye niyanje. Niwayiturira naje iyanje irasha."

8

Ngerageze ararakara ati, "Ntugerageze kumbuza! Iyi nzu nyanje nzoyiturira ndabishatse."

Gahwibiri ati, "Sigaho! Reka tuje wa mucamanza adutature."

Wa mucamanza gito ntiyabatega amatwi neza ngo yumve ikibazo kirimwo. "Ibiri kureka Ngerageze agaturira inzu yiwe kuko ari rwiwe."

9

Nuko Ngerageze aturira yanzu. Umuyaga ugurukana umuriro urwa ku gisenge c'inzu ya Gahwibiri nayo irasha.

Basubira ku mucamanza. Gahwibiri yitwarira Ngerageze, "Ngeragezde yantuririye inzu." Abwirizwa kundiha.

"Oya, Ngerageze yaturiye inzu yiwe. Umuriro wagurutse si Ngerageze. Ubwo rero ntategerezwa kuriha."

10

Gahwibiri biramubabaza cane. Abura indogoba, inzu asigarana umurima gusa.

Buri musi yazindukira mumuri iwe bwije be n'umuryango wiwe bakarara munsi y'igiti.

11

Igihe ciyimbura cegereje, Gahwibiri yararimye cane. Cari igihe co kwirukana inyoni.

Yari afise ibiyoba bwiza mu murima wiwe.

12

Umusi umwe abahungu ba Ngerageze bagiye kuramutsa Se, bahumuka mu murima wa Gahwibiri. Umuhungu umwe ariyamiriza ati, "Mbega ibiyoba buryoshe."

Baca bavyiraramwo batangura kubirya, mu mwanya muto bari bayamaze.

13

Gahwibiri ababona ari kure. Anyarukira mu murima wiwe. Ahasanga abo bahungu abasaba kumusubiza ibiyoba vyiwe.

Baramubarira bati, "Kubigusubiza ivyo ntibishoboka kuko twabiriye. Ahubwo genda ubwire Data arayakwishura."

14

Gahwibiri aja kuraba Ngerageze aramubwira ati, "Abahungu bawe bandiriye Ibiyoba."

Ngerageze aramubwira, "Ndaguha amahera ndabarihire."

Gahwibiri ati, "Nta mafaranga nkeneye ndashaka ibiyoba vyanje."

Ngerageze ati, "Itonde, reka iki kibazo tugishikirize ubutungane, badutature."

15

Ngerageze na Gahwibiri bajana kuraba wa mucamanza Gito. Nkuko bisanzwe ntiyitondeye kumviriza ikibazo neza, maze abwira Gahwibiri ati, "Abana ba ngerageze bakuririye ibiyoba nibayasubize. Ubabage ubakuremwo ubakuremwo ibiyoba vyawe."

Ngerageze ubwoba buramutekera aratakamba ati, "Ariko niyansaturira abahungu barapfa. Mugenzi wanje Gahwibiri, ndakwingize reka nkwishure amafaranga yawe." Gahwibiri aramubaza ati, "Amafaranga nayashaka ca gihe wica indogoba yacu. Ubu ntayo nkeneye ndaskaka ibiyoba vyanje."

16

Gahwibiri afata imbugita. Ngerageze aratakamba ati, "Ndakubakira inzu nshasha."

Gahwibiri ati, "Nta nzu nshaka. Mpa ibiyoba vyanje." Atangura gukarisha imbugita.

"Oya, ndakwinginze. Mbabarira tuje kuraba abashingantahe. Ibuka ko twigeze kuba abagenzi ureke abashingantahe badutature."

17

Nuko Ngerageze na Gahwibiri baja kuraba abashingantahe.

Abashingantahe barabumviriza umwanya utari muto. Birangiye babwira ngerageze bati, "Warakoze nabi igihe wanka kuriha igice c'indogoba Gahwibiri, urasubira umuturirira inzu, none n'abahungu bawe bamuririye umwimbu."

18

Bahindukirira Gahwibiri bati, "Urashaka kwica abahungu ba Ngerageze. Ivyo navyo sivyo. Ngiyi rero ingingo dufashe.

Ngerageze genda uhe ica kabiri civyo utunze Gahwibiri, amatongo, inka, intama. Nuko mwese mubane mu mahoro."

19

Kuva ico gihe Ngerageze aha Gahwibiri igice c'amatungo yiwe.

Babana mumahoro ntibongera gutongana.

20
You are free to download, copy, translate or adapt this story and use the illustrations as long as you attribute in the following way:
Umucamanza gito
Author - Magabi Eynew Gessesse, Elizabeth Laird
Translation - Gilbert Nzosaba
Illustration - Brian Wambi
Language - Kirundi
Level - Read aloud