

Kera habayeho Umwami yitwa Kayanja. Yabana mu ngoro n'umwamikazi n'umukobwa wabo Yinahwayi.
Yinahwayi yari mwiza cane abahungu bose bifuza ko yobabera umugore. Ariko se Kayanja yasaba inkwano nyinshi cane.
Hafi y'ingoro y'Umwami haba umutware w'igihangange yitwa Karindo. Bamwita gihangange kuko ababanyi biwe baramwumvira. Yarakarira umuntu wese atamwumvira.
Hari hashize igihe gito umugore w'uwo mutware Karindo yishwe na marariya, akaba yarakeneye kurongora uwundi mugore.
Umutware Karindo aritegura aja i bwami kwa Kayanja agiye gutanga inkwano zo gukwa umuganwakazi Yinahwayi.
Mu gihe bakiganira ku nkwano zizotangwa umushumba nyinarugwiro arabumva. Nyinarugwiro akaba yari inshuti ya Yinahwayi.
Umutware Karindo yemera guha Umwami Kayanja inkwano zigizwe n'igice c'itunga ryiwe, harimwo n'urushinge.
Bategura ubukwe bwa Yinahwayi na Karindo mw'ibanga. Umwami yari azi neza ko umukobwa wiwe atazonezerezwa n'ingingo bafashe.
Hasigaye indwi ngo ubukwe bube, wa mushumba nyinarugwiro yegera Yinahwayi aramubwira ati, "Nshuti yanje, wari uzi ko so ariko ategura ubukwe bwawe na Karindo! Mundwi imwe turabutaha."
Yinahway avyumvise arababara cane abura ico akora.
Aribwira ati, "Si nzorongorwa n'umutware Karindo, uriya musaza koko! Oya ntivyokunda! Reka ngende kubibwira Ngenzi arabe ico yokora hatararengerana."
Iryo joro Yinahwayi atoroka ikirimba aragenda. Iyo Se amenya aho yagiye yari gushavura cane.
Yinahwayi yirutse aca mumashamba y'inzitane no mubitandara. Yageze kwa Ngenzi ananiwe kandi afise inyota.
Ngenzi umubonye aramubaza ati, "Mukunzi wanje, ni iki catumye umena ijoro ukagira urugendo rungana gutya uri wenyene?"
Amuzanira amazi, amwereka aho yicara ngo aruhuke. Ngenzi ntiyaronka amahoro Yinahwayi ataravuga.
Arabaza ati, "Mukunzi wanje wagize ikihe kibazo?"
Yinahwayi ariruhutsa aravuga n'agahinda ati, "Data arashaka ko ndongorwa n' umutware Karindo. Ariko sinshobora kubana nuriya mugabo uteye ubwoba. Nari nje kukubwira ko nshaka kwibanira nawe n'ubwo ukenye. Niteguye kwakira vyose kuko ndagukunda."
Ngenzi aravuga n'ijwi ati, "Mukunzi wanje simfise inkwano, urazi ko ndi umukene."
Yinahwayi ati, "Ivyo ndabizi ariko ni wewe wenyene twobana ntawundi."
Yinahwayi ariyumvira hashize akanya ati, "Reka turabe umushoji w'ubwato Kabera atujabutse uruzi. Nitwahungira hakurya y'uruzi data ntazigera adutora."
Umwami Kayanja agarutse mu kirimba, asanga umukobwa wiwe Yinahwayi yabuzwe irengero. Atageka abagendanyi kumurondera ahantu hose.
Abarinzi b'umwami, ingabo zose, n'abandi batangura kurondera ariko ntibashobora kumubona.
Basubira kubwira umwami ko bamubuze. Ababwira Ashavuye ati, "Nimusubireyo mumurondere."
Mu gihe Yinahwayi na Ngenzi bihuta ngo bagere hakurya ku kombe, ibicu vyirabura bitangura kwiyegeranya mu kirere.
Haje igihuhusi.
Mu gihe umushoji Kabera yariko azirika ubwato abona abo bakunzi baramushikiriye. Ngenzi amusaba ko yobajabutsa uruzi.
Kabera aravyanka ababwira ko hagiye kuza igihuhusi bikaba vyobatera impanuka.
Ngenzi aramwinginga amusigurira igituma bagomba kujabuka. Akora mumufuko akurayo ikirezi agiha kabera.
Amaze kumva inkuru y'abo bana, ivyo bamuhaye, abumvira impuhwe. Yemera kubajabutsa naho hari hari ikirere kibi.
Umwami Kayanja n'umutware karindo ngo bagere kuruzi, babona Yinahwayi na Ngenzi mu bwato bamenya ko bahunze.
Ako kanya haza umuyaga mwinshi uhungabanya ubwato bituma umushoji Kabera adashobora kubandanya. Umwami Kayanja aterera ijwi hejuru ati, "Ntabwo nguhana kandi na Ngenzi ntaco ndamugira."
Ariko amazi yari yamaze kurenga inkombe. Ubwato buriyubika abari muribwo baratwarwa.
Guhera ubwo, buri muntu wo mu gihugu ca Kayanja yashingirwana n'uwo ashaka, yaba umukire canke umukene.

