

Mu gacimbiri mugendo hakikujwe n'imisozi. mw'ishamba riri kuruwo musozi habamwo inzoka nyinshi.
Hari inzoka nini ababa mur'ako gacimbiri bayise Kimizi. Ico kiyoka cari carateye ubwoba abantu benshi. Cashobora kumira intama canke impene ibona.
Umusi umwe, abakobwa batatu bavukana aribo Mutesi, Keza na Kayitesi bagiye mw'ishamba gusenya. Inakuru wabo bakobwa arababwira ati, "Mwiyubare ca kiyoka citwa Kimizi. Ntihagire ikindi mutora mw'ishamba kirestse inkwi."
Muri abo bakobwa, Keza wenyene niwe atumvirije ivyo Inakuru yababwiye.
Abakobwa batekera amata, imihwi, ibijumbu n'amazi.
Bafata imigozi yo guhambira inkwi, n'umuhoro wo kuzitema.
Nuko berekeza mw'ishamba.
Munzira, bagenda baganira kandi batwenga.
Ako kanya Mutesi, yari mukuru muri bo, aravuga ati, "Muceceke! Tugeze hafi yaho ca kiyoka bita Kimizi kiba."
Kayitesi ati, "Nimurabe amenyo y'inzahabu ya Kimizi! Reka tuyatware."
Mutesi ababwira ati, "Mwibuke ivyo nyogokuru yatubwiye. Nta kindi kintu tugomba gukura muri iri shamba uretse inkwi."
Keza aravuga ati, "Jewe sinemera ivyo nyogokuru yavuze. Yabivuze kugira atubuze gutora ivyo dushaka. Ndishakira ariya menyo y'inzahabu."
Abavukanyi biwe bibatera impungenge, mugabo, Keza ntiyavyitaho.
Murako kanya, Kimizi aza kuraba amenyo yiwe y'inzahabu . Arashavura cane kubera yarabuze amenyo yiwe.
Nuko Kimizi yumva abakobwa baganira batwenga. Yihisha mw'ibuye hafi y'inzira abo bakobwa baja gucamwo batashe.
Nuko abakobwa bataha bikoreye inkwi zabo ku mutwe. Bageze mu nzira bumva ijwi rigira riti, "Sssssssssss!"
Babona Kimizi yasamye cane yiteguye kubarya. Ba bakobwa bagira ubwoba bwinshi cane.
Kimizi abaza babakobwa ati, "Ni nde watwaye amenyo yanje y'inzahabu?" Habura uwishura.
Ico kiyoka ciyemeza kubagerageza kiti, "Uwera, n'uwuza gushobora kuririmba neza aca yitahira n'inkwi ziwe. Ariko uwagirwa n'icaha araza kuririmba nabi. Ndamurya!"
Mutesi atangura kuririmba n'ijwi ryiza ati, "Si jewe, si jewe mfise amenyo yawe. Uyafise aracari inyuma."
Kayitesi nawe aririmba neza.
Hanyuma igihe ca Keza co kuririmba kiba kirageze. Agira ubwoba. Yigira imbere atangurra kuririmba. Ariko aririmba nabi cane n'amajambo ayavuga nabi.
Kimizi aramukankamira ati, "Ntushobora kuririmba nk'abandi?" Ca kiyoka gica kimenya ko Keza ariwe yacivye amenyo.
Kimizi arasama amira Keza. Benewabo bariruka basubir'inyuma babwira abantu uko vyagenze.
Inakuru wabo avuga ababaye, "Namwihanije, iyo yanyumvira."

