Imfyisi n'Ikinyamasyo
Alice Mulwa
Salim Kasamba

Habaye, mu gisagara ca Kibira, Imfysi yakunda inda cane.

1

Muri ako karere hakaba Ikinyamasyo gitinya cane. Imfyisi n'ico Kinyamasyo bikaba ibigenzi.

Imfyisi imenya ko hakurya y'uruzi runini utera uja mu burengero hari inzuki kandi zakora ubuki buryoshe cane.

2

Izo nzuki zatembera rimwe mu mwaka, kandi zamara indwi yose zitagarutse mu bitiba vyazo.

Imfyisi n'ico Kinyamasyo biravugana, "Dutegerezwa kuja kurya ubwo buki inzuki zitaragaruka."

3

Ico Kinyamasyo kiratinya kugenda. Kiratinya no kwankira Imfyisi. Ivyo bikoko bija aho imizinga y'inzuki iri.

Imfyisi yagenda iranyaruka ariko Ikinyamasyo cagenda bukebuke inyuma yayo kubera ubwoba.

4

Biraduga umusozi, bijabuka ubusoko, bigenda ibiyaya.

Birajabuka n'uruzi runini rw'I burengero, bigenda urugendo rurerure.

5

Birateba bibona imizinga ku biti biri ku musozi. Imfyisi ica iritaza yurira ku biti.

Ariko Ikinyamasyo co nticabishobora kubera cari kirushe kandi gishonje.

6

Imfyisi imaze gushikira igitiba kinini ibona ko ata mwanya yataye.

Ica ihamagara Ikinyamasyo, "Nyaruka wurire igiti ukorore igitiba."

7

Ikinyamasyo kiragerageza kurira igiti bukebuke. Caratinya ko cohava kinyerera kikagwa.

Ivyo bishavuza Imfyisi, ica itangura kugituka.

8

Ikinyamasyo gikoze ku muzinga w'inzuki cumva urwamo rw'inzuki kuko zari zikirimwo.

Kimaze kugira ubwoba kica kirakoroka. N'igitiba naco kica kirakoroka.

9

Ico gitiba kigwa kuri ca Kinyamasyo. Ubuki buca buragisesekako nticaba kikiboneka!

Imfyisi ica itangura gufyeta bwa buki. Inzuki zica zirashavura.

10

Inzuki zica zirarya ya Mfyisi umubiri wose.

Ya Mfyisi ica yikora ku yo yameze iriruka, za nzuki nazo ziyirukako.

11

Imfyisi iriruka imanuka imisozi, ica mu ruzi igenda ibiyaya ica mu myonga.

Inzuki ziyiremerako zigenda zirayirya.

12

Ca Kinyamasyo naco aho cari kikiri musi ya ca gitiba, cumva ko ata rwamo rw'inzuki rukihari.

Igitiba n'ubuki bwari bwacumiyeko.

13

Ico Kinyamasyo cibwira ko bitoba bikenewe ko coja kwinyegeza mw'ishamba.

Ikibiribiri gishasha cavuye ku buki cari kigikingiriye.

14

Ya Mfyisi nayo irateba iraruha kandi yari ifise ibivyimba vyinshi vyaho inzuki zayiriye, irateba ishika i muhira.

Imaze kuvyuka, isanga aho inzuki zayiriye hasigaye hari ibibarabara ku mugongo.

15

Uko niko ikinyamasyo carose ikibiribiri kigumagumye, imfyisi nayo ironka ibibarabara ku mugongo wayo.

Imfyisi irarahira ko itazosubira kwiba. Kuv'ico gihe imfyisi n'ikinyamasyo biracari abakeba.

16
You are free to download, copy, translate or adapt this story and use the illustrations as long as you attribute in the following way:
Imfyisi n'Ikinyamasyo
Author - Alice Mulwa
Translation - Fanuel Ndayishimiye
Illustration - Salim Kasamba
Language - Kirundi
Level - First paragraphs