

Harabaye Urukwavu n'Imfyisi, ivyo bikoko bikaba ari ibigenzi. Vyarakorana ikintu cose.
Vyama bitambana bikaririmbana.
Umusi umwe, Urukwavu rubwira Imfyisi, "Mugenzi wanje, reka dutangure kurimira hamwe kugira tube abatunzi."
Imfyisi iti, "Ni vyo reka turime ibiterwa vyinshi, twimbure tubidandaze ku bandi." Agakwavu kabaza Imfyisi, "Ubona tworima iki?"
Imfyisi ivuga ko botangura kurima ibigori. Urukwavu ruremera. Urukwavu rubwira Imfyisi ko vyoba vyiza bagabuye ibikorwa muri uwo mugambi wo kurima.
Urukwavu rutora ko ruzorinda inyoni kurya ivyo bigori. Rubwira Imfyisi ko itegerezwa kurima umurima, kubiba no kubagarira ibigori.
Imfyisi iridoga ko ihawe ibikorwa vyinshi. Agakwavu kabwira Imfyisi ko igikorwa co kurinda umurima mu kwirukana inyoni ko arivyo bigoye cane.
Agakwavu karasigura, "Igikorwa canje nticoroshe. Igikorwa co kuzoguma nurira ibiti nirukana inyoni ijoro n'umurango. Nawe urazi ko utazi kurira igiti."
Imfyisi irateba iremera kubera insiguro Agakwavu gatanze. Ngiyo imfyisi iremeye kurima yonyene. Ntikari akazi kenshi.
Urukwavu ntirwigeze rufasha ya Mfyisi. Imfyisi ihejeje kurima umurima, iratera ibigori mu murima wose yonyene.
Umurima uraye ivyatsi, ya Mfyisi ikabagara. Kari akazi kenshi cane. Rwa Rukwavu ruririmba:
"Umugenzi wanje ni umukozi, nanje ndi umuhanuzi wiwe. Akora nk'imashine, ndi umukoresha wiwe. Isi aturagaza, imisozi arima. Imbuto atera, ivyatsi arandura, Ibigori twimbura."
Ibigori bimaze kwera, Urukwavu rwaguma rwiryohera ruririmbira mu murima kugira inyoni zigireyo.
Kwirukana inyoni ntikari akazi kagumye. Nta cuya Urukwavu rwabize na gato.
Ngivyo ibigori bireze. Urukwavu rubwira Imfyishi ko bitegerezwa kugabura umwimbu.
Urukwavu rubwira Imfyisi, "Jewe nzokwimbura ibiri hejuru y'isi, nawe uzimbura ibiri musi y'isi."
Imfyisi ica iremera yibaza ko ari vyo.
Urukwavu ruravuga ruti, "Reka mbanze nimbure nawe uce wimbura inyuma yanje."
Urukwavu ruca rurimbura ibigori vyose rushira mu bubiko bwarwo.
Imfyisi iragenda nayo kwimbura ivyashoreye mu kuzimu. Irimba yibaza ngo hari ikiriyo. Isanga hariyo imizi gusa musi y'isi.
Irimba hose irabura ico iri bwimbure.
Niho iyo Mfyisi yabonye ko yahenzwe. Irashavura cane. Ica isubira imuhira ataco atahanye.
Ku mugoroba ica ija kuraba rwa Rukwavu, ibabaye cane. Ishitseyo irarubwira, "Ingo dusubire turimire hamwe kandi mugenzi wanje."
Imfyisi ibwira Urukwavu iti, "Ubu nanje nije nzimbura ivyereye hejuru, nawe wimbure ivyereye mw'ivu."
Urukwavu ruremera. Ruca rubwira imfyisi ruti, vyoba vyiza duhinduye igiterwa. Bica bihuriza gutera ibiraya.
Imfyisi ivuga ko ubu bitegerezwa kurima, bitere kandi bibagare biri kumwe.
Urukwavu ruremera. Bica bitangura ibikorwa, biririmba.
Ibiraya bimaze kwera, Urukwavu rubwira Imfyisi kwimbura ivyereye hejuru.
Imfyisi iragenda kuraba ivyo yimbura, mugabo ntiyagira ico itora kiretse amarayaraya. Ica itaha ataco itahanye.
Urukwavu rurimbura ibiraya vyinshi cane. Rurabishingura neza. Imfyisi iravye uwo mwimbu irababara cane. Imfyisi irarubaza iti, "Kubera iki wambeshe?"
Urukwavu rubwira Imfyisi ruti, "Niwe witoreye kuzotwara umwimbu w'ivyamiye hejuru."
Imfyisi irashavura cane. Ica yiruka ku Rukwavu kugira yihore.
Ariko Urukwavu rurayisiga.

