

Rukundo na Murenzi ni abagenzi. Bakunda kwiruka.
Buri munsi biruka bari kumwe.
Umunsi umwe, Rukundo yavuze ati, "Reka tuzunguruke umugabane wacu. Twiruke mu rwego rwo gushigikira igiciyumviro cy'ubumwe bwa Afurika!"
Murenzi ati, "Ahubwo twacerewe! Tugende!"
Bafashe ingingo yo kwitwaza urumuri rw'ubumwe mu rugendo rwabo.
Batanguriye ihiganwa iyo kure mu bumanuko bw'umuji wa Kepu Tawuni (Afurika yepfo).
Baje bava muri Afurika y'Epfo babandanya baja muburengero.
Baca muri Namibiya, Angola, Repubulika Ihananira Demokarasi ya Kongo na Kameruni. Baruhukira Abuja.
Abahiganwa bo muri Afurika y'uburengero bifatanije na bo bageze muri Nijeriya.
Babandanya hamwe, bakurikira uruzi rwa Nijeri babandanya mu burengero.
Umuyaga wo mu bugaragwa muri Mali ubabera intambamyi.
Murenzi ni we yarusha inguvu abandi. Hama arabatwara babandanya urugendo atangorane.
Ku rubibe rwa Gineya muri Konakiri abiruka bari bazuye ivumbi baja kwoga mu kiyaga.
Baca babandanya muri Maroke baciye muri Senegari na Moritaniya.
I Kasaburanka abiruka bakinye n'urundi rwungano ku rubibe rw'ikiyaga.
Baca, barahaguruka batumbera mu buseruko bwa Afurika.
Baciye muri Arijeriya na Ribiya bahagarara mu Misiri kugira ngo barabe ama piramide.
Babandanya baja I buseruko, bakurikiye uruzi rwa Nili baja muri Uganda.
Barirukanze baca mu bugaragwa na parike zitandukanye. Urundi rwaruka rwifatanyije na bo bageze i Kampala.
Nuko iryo higanwa ryose ribandaniriza muri Kenya.
I Mombasa bicaye ku mucanga barya umuceri n'amafi.
Hama Murenzi avuga ati, "Reka dufate urumuri rw'ubumwe turujane ku musozi wa Kirimanjaro."
Hama berekeza muri Tanzaniya Murenzi yituye hasi kubera uburuhe.
Abiruka bose barahagarara basubira inyuma ngo bamutabare.
Murenzi ahereza Rukundo rwa rumuri.
Avuga ati, "Jana uru rumuri ku musozi wa Kilimanjaro. Mucane urumuri rw'ubumwe bwa Afurika."
Abantu berekanye ivyishimo abahiganwa bagira bati, "Muri intwari zacu!"
Bakimara gucana urumuri rw'ubumwe mu mpinga ya Kilimanjaro, abahiganywe basubira mu mamajepfo ya Afurika.
Bahagaze gato boga mu kiyaga ca Marawi.
Rukundo abwira Murenzi ati, "Twavuye mu majepfo tuja mu majaruguru none turagarutse. Urugendo rwacu ruri hafi guhera."
Abahiganwa mu rwego rwo gushigikira ubumwe bwa Afurika vyaheze bajana urumuri muri Zimbabwe.
Abantu benshi bahuriye aha hantu. Murenzi aratwenga ati, "Mbega ihiganwa!"

