

Aho kera narindi, Umuturagaro n'Umuravyo vyaba kw'isi hamwe n'abantu.
Umuturagaro yari nyina w'Umuravyo.
Umuravyo urakara kandi ugakunda kugira amahane.
Igihe cose umuravyo ushavuye, ucuja mubantu ugaturira amazu ugata ibiti hasi.
Ukarenza urwamwo rwinshi, "Pia-la-la-la, pia-la-la-la!" Ukonona imirima, rimwe na rimwe ukica n'abantu.
Igihe cose, Umuravyo ukoze ivyo, nyina acawuhamagara n'ijwi rinini, "Bum-rambo-la-la-la, la-bum!"
Akagerageza kumuhagarika ntabandanye yonona ibintu.
Mugabo Umuravyo ntiwumvira ivyo nyina avuga.
Warushoboye kugirira nabi uwari wewese mugihe ushavuye.
Munyuma, abantu baridoga ku Mwami.
Hama Umwami arategeka Umuturagaro n'Umuravyo kuva mu kibano.
Abarungika kuba kure y'imihana y'abantu.
Ivyo ntaco vyamaze. Umuravyo ushavuye waraturira amashamba, "Pia-la-la-la, pia-la-la-la!"
Umuriro warasanzara gushika mu mirima ukanayiturira.
Abantu babandanije baja kwidoga ku Mwami.
Ico gihe, Umwami abwira Umuturagaro n'Umuravyo ko bitazosubira kuba kw'isi.
Aca abitwara kuba mu bicu aho bitazokwonona ibintu vyinshi.
Kuva ico gihe, Umuravyo ushavuye ubandanya uturira kandi wonona, "Pia-la-la-la, pia-la-la-la!"
Kandi tubandanya twumva nyina, Umuturagaro, uryagumba, "Bum-rambo-la-la-la, la-bum!"

