

Kuva kera narindi, ibikoko ntamaguru vyagira.
Vyakwega inda hasi.
Abantu bari bafise amaguru, bahawe na Gatogato.
Umunsi umwe, Gatogato ahitamwo guha ibikoko vyose. Yashaka ko bitambuka.
Acabibwira ko agiye kubiha amaguru.
Ibikoko birishura, "Bizoba bimeze neza dufise amaguru."
Biraririmba vyongera biratamba.
Ibikoko bivuga ko vyari bigoye gukuba inda hasi.
Vyarababara.
Umunsi ushitse, ibikoko vyose bija kwa Gatogato.
Umusumbarengwe, intare,inzovu, udukwavu, ingona hamwe n'inyoni zitonze k'umurongo.
Igikoko kimwe cose cahawe amaguru ane.
Inyoni zahawe amaguru abiri imwe imwe yose.
Ibintu vyarahindutse ibikoko bimaze kuronka amaguru.
Bimwe vyaratamvye n'umunezero. Ibindi vyikubita hasi.
Bigenda kwereka abantu.
Ibikoko biravuga, "Ntituzongera gukuba inda hasi."
Igikoko canyuma yari Inyongori. Gatogato arabaza, "Hari igikoko gisigaye inyuma yawe?"
Inyongori irishura, "Oya, ni jewe uwanyuma."
Gatogato aribaza, "Iki cicanyuma. Nigiki nzokoza amaguru asigaye?"
Gatogato ahereza Inyongori amaguru yose yarasigaye.
Inyongori yari inezerewe cane. Iravuga, "Nzotambuka nyarutsa gusumba abandi."
Inyongori imaze kugenda, Inzoka iraza kwa Gatogato.
Iravuga, "Mbabarira unyongere ayandi maguru."
Gatogato arayishura, "Natanze amaguru yose. Wewe wari hehe?"
Inzoka irishura, "Nari naryamiriye."
Gatogato araraba ko haramaguru yoba asigaye.
Ntiyabona nakumwe. Abwira Inzoka, "Mbabarira. Ntayandi maguru asigaye."
Inzoka ikuba inda hasi irataha muhira atamaguru.
Kuva uwo munsi, Inzoka ntisinzira cane. Iguma irindira ko yoba yambere k'umurongo wo kuronka amaguru.

