

Igihe kimwe, harumwigeme yitwa Kabizi. Kabizi yar'umwigeme yavuga menshi.
Naho nyina yamubujije kuvuga cane, Kabizi ntiyumvirije.
Inasenge wa Kabizi yaba impande y'umugezi hakurya impande y'umusozi Kabizi abako.
Umunsi umwe aragwara. Ntamuntu yarafise amugwaza.
Nyina wa Kabizi yarafatiriwe cane.
Bwari bwije mwijoro igihe yaha Kabizi impfungurwa ashire inasenge agwaye.
Kabizi ahura munzira na Domi.
Domi yari imfyisi yihinduye umuntu.
Domi arabaza Kabizi, "Nibiki wikoreye?"
Kabizi arishura, "Nikoreye inyama, amagi n'amata."
Nyina wa Kabizi yari yamubujije kuvuga ivyo yikoreye.
Kabizi aravuga kandi, "Nshiriye imfungurwa masenge."
Domi yifyeta iminwa yiyumvira inyama Kabizi yikoreye.
Domi aritanganiza yiruka gushika kwa inasenge wa Kabizi.
Domi amira inasenge wa Kabizi hama acayifuka uburengeti bwiwe.
Kabizi ashitse, haragacerere mu nzu.
Arinjira indani ahamagara, "Senge, uri hehe?"
Kabizi ntiyigeze yumva ijwi rya inasenge. Acagenda mu cumba ca inasenge.
Aca atangara kubona umuntu yifutse uburengeti bunini.
Kabizi arabaza, "Senge, kuberiki wagize amatwi manini uno munsi?"
Domi arishura ari muburengeti, "Kugira ndakwumve neza."
Kabizi arabaza kandi, "Senge, kuberiki wagize amaso manini uno munsi?"
Domi arishura, "Kugira ndakubone neza."
Kabizi aheza abaza, "Senge,kuberiki wagize umunwa munini uno munsi?"
Domi arishura, "Kugira ndakurye!" Arataruka ava kuburiri acamira Kabizi.
Kabizi yabandanije avuga nigihe yari munda kwa Domi.
Abaza ibibazo vyinshi.
Birangira Domi arushe nibibazo vyinshi Kabizi yamubaza hama ahitamwo kumudahwa.
Kabizi na inasenge batabawe nababanyi.
Kuva ico gihe, Kabizi ntiyasubiye kuvuga menshi kubanyamahanga.

