

Harabaye igihe ibikoko vyose vyabana hamwe nk'ibigenzi.
Umunsi umwe, ibikoko vyose bigira inama yugutora umwami wavyo.
Inkoko yashaka kuba umwami. Maze ihenda ibindi bikoko vyose.
Ibibwira, "Umubiko utukura k'umutwe wanje ni umuriro! Mwirinde kuwukorako!"
Ibindi bikoko birizera inkoko. Bihitamwo gutora inkoko nk'umwami wavyo.
Ibikoko vyizera yuko umuriro w'inkoko ushobora kubifasha igihe hakanye.
Igihe kimwe imvura iragwa. Irongera iragwa. Irongera iragwa.
Hari hakanye. Ibintu vyose vyari bitose kandi bikanye.
Agakwavu kabaza ibindi bikoko, "Ni hehe tworonka umuriro kugira twishushe?"
Inkende iravuga, "Dushobora kuronka umuriro k'umubiko uri k'umutwe w'Inkoko. Inkoko n'umwami wacu kubera afise umuriro k'umutwe."
Ibikoko vyose biremeranya n'inkende.
Birungika akagomba kuzana umuriro k'umwami Inkoko.
Akagomba gasanga inkoko isinziriye cane.
Gahitamwo gufata umucanwa katabajije inkoko.
Akagomba karatoragura ivyatsi vyumye. Gatora ivyatsi kavyegereza umutwe w'Inkoko.
Ntacabaye. Ivyatsi ntivyahiye.
"Vyuka Mwami!" Akagomba karavuga. "Dushaka umuriro."
Ariko Inkoko ntiyashobora guha umuriro Akagomba.
Akagomba karashavura, gasubira inyuma kubindi bikoko.
Gasubira inyuma kubindi bikoko. Kabibwira ukwuri kwose kuvyerekeye umubiko uri k'umutwe w'Inkoko.
Kuva ico gihe, ntagikoko casubiye gutinya Inkoko. Hama ubugomba burya inkoko zose.

