Imbwa n'Imbwebwe
Baudouin Habingabwa
Rob Owen

Imbwa n'Imbwebwe n'abakozi ba Nduwimana.

Zamuhigira umunsi wose.

1

Zacungera urugo rwiwe mwijoro.

2

Iminsi yose mw'ijoro, Nduwimana yarya inyama.

Ariko agaha amagufa Imbwa n'Imbwebwe.

3

Umunsi umwe, Imbwebwe ibwira Imbwa, "Dutegerezwa guhakana ingene Nduwimana adufata nabi. Twomoke!"

4

Ariko kubwo gutinya n'ukwubaha, Imbwa ihitamwo gusigara.

Imbwebwe iromoka.

5

Nduwimana aramenya ko Imbwebwe yomotse. "Umuhigi wanje ari hehe?" abaza Imbwa.

Imbwa iramubwira inkuru yose.

6

Igihe cose Imbwebwe itaragaruka.

Nduwimana yahiga wenyene akarya inyama yihigiye.

7

Ariko Imbwa ibandanya irya amagufa.

8
You are free to download, copy, translate or adapt this story and use the illustrations as long as you attribute in the following way:
Imbwa n'Imbwebwe
Author - Baudouin Habingabwa
Translation - Selemani Sindakira
Illustration - Rob Owen
Language - Kirundi
Level - First sentences