Akayabu bwenge n'imbwa juju
Solomon Abreha
Salim Kasamba

Igihe kimwe harabaye akayabu bwenge n'imbwa juju.

Akayabu kaba neza mumuryango utunze. Imbwa isonzeye mw'ibarabara.

1

Imbwa nagashavu ibaza akayabu, "Ni gute umuryango utunze ukwemerera kuba mu nzu yabo?"

2

Akayabu karishura, "Mbana nabantu kubera mfise isuku. Nsaba indya mvuga, nyaau."

3

Imbwa ibaza, "Nkubu ndabigizuko nanje bazonyemerera kuba mu nzu?"

Akayabu karishura, "Ego, ukoze nkuko nakubwiye bazokwemerera. Bazoguha ivyo ufungura."

4

Imbwa iravuga, "Unomunsi sindakubabaza."

Akayabu kavuga kisimbira hakurya, "Yambonye unomunsi. Sinshaka ko dusubira kubonana."

5

Ifatiye kumpanuro z'akayabu, imbwa ikugira cane kumuryango w'inzu.

6

Nyeninzu arayikubita n'ikibando.

Imbwa ibweja ivuga, "Kayabu kambeshe. Ndakabonye nzokarya."

7

Mugihe akayabu kariko karakinira hanze y'inzu, imbwa iragacakira.

Ivuga, "Warambeshe. Warambwiye ngo ngende gukuga kurugi rw'inzu. Beneyo barankubita. Ubu ngire nkurye."

8

Akayabu karishura, "Nyumviriza gato, ushobora kundya, mugabo banza umpe akanya nkine gato. Je mukurya imbeba mbanza kuyiha akanya igakina."

9

Imbwa irabaza, "Ni gute imbeba ikina?"

Akayabu karishura, "Ndayireka gato ikagenda, hama nkayibwira iharure gatatu. Iriko iraharura, nkaca ndayicakira."

10

Imbwa irarekura akayabu kidegemvye hama irakabwira gaharure gushika kuri gatatu. Akayabu kaca kariruka gasimbira hejuru kugiti.

Imbwa irasaba, "Ururuka hama uharure gushika kuri gatatu."

11

Akayabu karishura, "Umviriza wa mbwa, ntusubira kumfata. Sindi ikijuju.

Urashobora guharura gushika k'ijana, igihumbi, canke umuriyoni mugabo ntuzosubira kumfata kandi!"

12
You are free to download, copy, translate or adapt this story and use the illustrations as long as you attribute in the following way:
Akayabu bwenge n'imbwa juju
Author - Solomon Abreha, Teki'a Gebrehiwot
Translation - Selemani Sindakira
Illustration - Salim Kasamba
Language - Kirundi
Level - First paragraphs