

Harabaye, umugabo n'umugore. Bari bafise abana babahungu batandatu n'umwigeme umwe.
Umwigeme yitwa Kabibi. Abo bavyeyi bakunda kabibi gusumba abahungu bavukana.
Abavyeyi baramuhaye Kabibi akabindi nkagashimwe.
Kabibi yarakunda cane ako kabindi. Yakunda gukina agafise.
Umunsi umwe, abahungu bavukana bamena akabindi ka Kabibi batabishaka. Akabindi karamenetse kose.
Abo bahungu ntibamenya ico bokora. Baca bafata ubuhimba bw'akabindi babuta mw'ishamba.
Kabibi ararondera akabindi kiwe ariko ntiyakabona. Afatwa n'ishavu ararira. Yanka gufungura.
Yinginga abavyeyi n'abasaza biwe kumuronderera akabindi kiwe, ariko ntibakaronse.
Kabibi biramubabaza cane. Aca ariruka aja mw'ishamba.
Yurira igiti kirekire kiri mw'ishamba.
Abavyeyi ba Kabibi baramurondera.
Baramubona, bamusaba kwururuka. Ariko aranka. Bamubwira amanuke hasi, ariko abandanya yanka.
Basaza ba Kabibi baja hamwe bararirimba akaririmbo bamusaba kwururuka.
Indirimbo: "Muhererezi wacu, ururuka dutahe. Tuzoronka akandi kabindi gashasha!"
Kabibi arabatwenga.
Araririmba abasubiza abigana, "Ninini-ninio, ninini-ninio. Ninini-ninio, ninini-ninio!"
Umugenzi wa Kabibi araza agerageza kumwinginga yururuke.
Arararimba, "Mugenzi, ururuka twitahire muhira. Tuzoronka akandi kabindi gashasha!"
Buhorobuhoro, Kabibi arururuka igiti.
Mugenzi wiwe abandanya aririmba gushika ashitse hasi.
Kabibi aragumbira mugenzi wiwe.
Batambuka buhorobuhoro baja iwabo wa Kabibi.
Basaza ba Kabibi hamwe n'abavyeyi babo bararyohewe kumubona Kabibi agarutse. Umuryango warufise urubanza, hamwe n'incuti n'abagenzi benshi.
Kabibi yararyohewe nakabandi gashasha.

