Umutamakazi mw' icupa
Northern Cape Teachers’ Workshop 2016
Abraham Muzee

Habaye umutamakazi yibana wenyene mukazu kameze nk' icupa.

Yaguma yidodomba umwanya wose.

1

Umunsi umwe umumarayika yaramugendeye imuhira iwe.

Amubona ababaye cane.

2

Umumarayika arahagarara aca umubaza ati, "Kubera iki ushavuye cane?"

3

Umutamakazi aramwishura ati, "Ndaruhishijwe no kuba mw' icupa."

4

Umumarayika amubwira ati, "Haguruka, koma amashi kabiri hanyuma uzunguruke incuro zitatu."

5

Umutamakazi abikora uko yabimubariye.

Aca yisanga mu kazu gatoya.

6

Haheze iminsi mikeya, umumarayika aragaruka, asanga wa mutamakazi akibabaye.

7

Umumarayika aramubaza ati, "Ni igiki kitagenda neza? Kubera iki ushavuye?"

8

Umutamakazi aramwishura ati, "Aka kazu ni gato cane, sindagakunda."

9

Umumarayika amubwira ati, "Haguruka, koma amashi kabiri hanyuma uzunguruke incuro zitatu."

10

Umutamakazi abikora uko abimubariye.

Aca yisanga ari munzu nini.

11

Umumarayika yaragarutse kandi kuraba umutamakazi.

Yamusanze akibabaye kandi yidodomba.

12

Umumarayika aramubaza ati, "Ni igiki kitagenda neza?"

Umutamakazi aramwishura ati, "Iyinzu irimwo umwijima kandi ntasuku."

13

Umumarayika amubwira ati, "Haguruka, koma amashi kabiri hanyuma uzunguruke incuro zitatu."

14

Umutamakazi abikora uko abimubariye.

Aca yisanga ari muri Kakazu kubwambere kameez nk'icupa.

15

Umutamakazi aba arabuze imigisha yararonse.

Vyarangiye agumye muri ka kazu kameze nk' icupa, wenyene kandi ababaye.

16
You are free to download, copy, translate or adapt this story and use the illustrations as long as you attribute in the following way:
Umutamakazi mw' icupa
Author - Northern Cape Teachers’ Workshop 2016
Translation - Melance Niyonizigiye
Illustration - Abraham Muzee
Language - Kirundi
Level - First sentences