Umunsi mwiza kuri Hamisi
Adelheid Marie Bwire
Rob Owen

Hamisi akeneye umwambaro mushasha w'ishure.

Se wiwe amujana mw'isoko.

1

Hamisi abona umuhungu yambaye ishati ryiza.

Aca yibwira ati, "Rirya shati ni nziza cane."

2

Hamisi avuga ati, "Papa, naripfuje kuronka ishati nkirya urya muhungu yambaye."

3

Hamisi abwira se wiwe ati, "Raba, hariya hari amashati meza. Papa, ndagusavye ungurire imwe."

4

Se aramwishura ati, "Hamisi, ntegerezwa kugura umwambaro w' ishure wawe."

5

Se arongera ati, "Simfise amahera akwiye kuri irya shati."

6

Se wiwe agura wa mwambaro w' ishure. Ariko yatangajwe n' amahera bamusubije.

Yasanze harimwo amahera akwiye yo kugura ishati ya Hamisi.

7

Wabaye umunsi mwiza kuri Hamisi!

None aza gucagura ishati iyihe?

8
You are free to download, copy, translate or adapt this story and use the illustrations as long as you attribute in the following way:
Umunsi mwiza kuri Hamisi
Author - Adelheid Marie Bwire
Translation - Frédérique Butoyi
Illustration - Rob Owen
Language - Kirundi
Level - First sentences