Imodoka nini isa n' ubururu
Mecelin Kakoro
Mango Tree

Hariho imodoka imwe gusa mu kigwati kwa Kabura.

Yari imodoka nini isa n' ubururu. Yarahinda cane gose.

1

Nyina aramubwira Kabura ati, "Ejo tuzogenda mu Gisagara. Nzokugurira umwambaro w'shuri."

2

Kabura yararyohewe cane. Bipfuza gufata urugendo m'imodoka nini isa n'ubururu.

Muri iryo joro, Kabura ntiyaraye asinziriye na gato.

3

Mugatondo nyina wiwe aje kumuvyura ngo bagende, Kabura yasanze yamaze kwambara.

4

Kabura na nyina wiwe baragenda gutegera ku gituro c'imodoka.

Barayirindiye ariko imodoka ntiyaje.

5

Abandi bantu baraje ku gituro c'imodoka.

Baridoga kuko imodoka yatevye. Babazanya bati, "Imodoka iri hehe?"

6

Kabura yari yihebuye.

Yariyumvira ati, "Ntitugishoboye kuja mu gisagara. Sinzoshobora kuronka umwambaro w'ishure."

7

Abantu bamwe barabihevye bagenda muhira. Kabura ararira cane. Ntiyashaka kugenda.

Nyina wiwe acaramubwira ati, "Reka tuyirindire akanya gato."

8

Buno nyene bumva igihinda. Babona ivumbi hejuru.

Imodoka yariko iraza!

9

Ariko imodoka ntiyasa n'ubururu. Yari is n'ibara ritukura kandi ntoyi.

Abantu ntibashaka kwinjira mu modoka.

10

"Injira! Injira!" umushoferi asemerera.

"Twacerewe cane uno munsi," arahamagara.

11

Kabura na nyina wiwe binjiye ubwambere.

Munyuma n'abandi baciye binjira muri ya modoka itukura kandi ntoyi.

12

Kabura yarabira mw'idirisha.

Akabona abantu benshi ku gituro c'imodoka.

13

Abantu benshi bariko bariruka kurondera imodoka.

Kandi bari bacerewe cane. Imodoka itukura yari yuzuye. Yabandanije mu gisagara.

14

Nyina wa Kabura abaza umushoferi ati, "Ya modoka nini isa n'ubururu iri hehe?"

Umushoferie arishura ati, "Yarakwamye, turiko tuirayikora, izoza ejo."

15

Kabura ntiyaranezwe nukwo isa. Ntiyaranezwe nuko ingana.

Muri vyose, yararajwe ishinga nuko yabandanije mu gisagara!

16
You are free to download, copy, translate or adapt this story and use the illustrations as long as you attribute in the following way:
Imodoka nini isa n' ubururu
Author - Mecelin Kakoro
Translation - Frédérique Butoyi
Illustration - Mango Tree
Language - Kirundi
Level - First sentences