Yakobo umurovyi
Tom Sabwa
Zablon Alex Nguku

Uyu ni Yakobo umurovyi aba mu Nyarumanga Kabezi.

1

Araroba amafi mu kiyaga Tanganyika.

2

Arafise ubwato, urusenga hamwe n'igera.

3

Arazinduka iminsi yose hakiri kare mu gatondo gufata ifi muri Tanganyika.

4

Imbere y'umutaga mu masaha ya sayine, aba ariko aragurisha amafi yarovye kw'isoko rya Bujumbura.

5

Yakobo habaye iki? Hari icatakaye?

Yari ashavuye cane.

6

"Uno munsi ikirerere cari kibi. Umuyaga wambujije kuroba. Kandi urusenga rumwe hamwe n'igera vyatwawe n'amazi."

7

"Ariko ndizeyeko ejo bizogenda neza kubera namaze kugura igera rindi rishasha."

8
You are free to download, copy, translate or adapt this story and use the illustrations as long as you attribute in the following way:
Yakobo umurovyi
Author - Tom Sabwa, Children’s Development Center at Masese
Translation - Frédérique Butoyi
Illustration - Zablon Alex Nguku
Language - Kirundi
Level - First sentences