Ukurondera kumenya k' umwana w' inzovu
Judith Baker
Wiehan de Jager

Umuntu wese arazi ko inzovu ifise umutonzi muremure.

1

Ariko kera, inzovu yarifise umutonzi mugufi kand ufyase kurya ikirato kimeze kuruhande rw'imbere.

2

Umunsi umwe, havutse umwana w'inzovu. Yama ashaka kumenya ikintu cose.

Yarabaza ikibazo cerekeye igikoko cose.

3

Yashaka kumenya ivyerekeye umusumbarengwe.

Yarabajije ati, "Kubera iki ufise izosi rirerire?"

4

Yashaka kumenya ivyerekeye inkura.

"Kubera iki ufise ihembe risongoye?"

5

Yashaka kumenya ivyerekeye imvubu.

Yarabajije ati, "Kubera iki ufise amaso atukuye?"

6

Yashaka kumenya cane ivyerekeye n' ingona.

Yarabajije ati, "Mbega ingona zirya iki?"

7

Nyina imwishura iti, "Ntuzosubire kubaza ikibazo nkico."

Hanyuma umwana w'inzovu uragenda wijiriwe.

8

Buno nyene, igisiga kigurukira kumwana w'inzovu.

Igisiga kirajiragira kiti, "Nkurikira tumanuke kuruzi. Uca umenya ico ingona irya."

9

Nuko umwana w' inzovu ukwirikira ca gisiga gushika kuruzi.

10

Wa mwana w'inzovu aca mu rufunzo ahagara ku nkobe y' uruzi.

Wa mwana w'inzovu araba mu mazi. Mbega ingona irihe?

11

Yumva urubuye ruri hafi y'uruzi ruvuze ruti, "Amahoro."

Umwana w'inzu arasubiza ati, "Yambu. Woshobora kumbarira ico ingona ifungura?"

12

"Unamika umutwe ndakubwire. Unamika. Unamika kandi.''

Nuko irunama, kandi irunama.

13

Bunonyene, "Caki!" Izuru ry'umwana w'inzovu ryari mumemyo y'ingona.

"Ingona irakurya uno munsi!" Cagikona, kirigurukira.

14

Umwana w' inzovu wicara kumaguru yawo manini utangura gukwega.

Ariko Ingona ntiyarekura ryazuru ry'umwana w'inzovu.

15

Izuru ry'umwana w'inzovu rirakweguka, rirakweguka, rikweguka.

Hanyuma ngo pwa, agwa ugaramye.

16

Ingona yibira muruzi irigira.

Yarishavuye kubona ibuze igifungugwa yariziko izakurarira.

17

Ya nzovu iraba izuru ryayo.

Izuru ryari yrakwegutse cane. Ntiyabona aho rigera.

18

Izuru riba rirerire ntiyashobora kwamura ivyamwa mumashami y'ibiti.

19

Izuru ryaryo riba rirerire ntyashobora kudaha amazi yokwoga mumugongo.

Kuva ico gihe, inzovu zigira imitonzi miremire.

20
You are free to download, copy, translate or adapt this story and use the illustrations as long as you attribute in the following way:
Ukurondera kumenya k' umwana w' inzovu
Author - Judith Baker, Lorato Trok
Translation - Melance Niyonizigiye
Illustration - Wiehan de Jager
Language - Kirundi
Level - First sentences