MAMA
irankunda laurence
Catherine Groenewald

mama wanje ni umuvyeyi ankunda anezerwa iyo nezerewe.Arankunda cane!

1

iyo ntamwumviye arandakarira, nanje bikantera ishavu nkamuva iruhande

2

Ariko iyo nicaye nkibuka uko ankunda nca mbona ko arije na mushavuje,

3

nca mpitamo gusubira imuhira kumusaba imbabazi nawe akampobera

4

abantu benshi baratangazwa n'urukundo mama akunda.Birabumiza!

5

Nsingishaka kumubabaza kuko ndamukunda cane,antumye ndamwunvira

6

ico ashako ko nkora nico nkora kuko ariwe munezero wanje

7

jewe na mama wanje turi kimwe.

NTAWOMUSIMBURA!

8
You are free to download, copy, translate or adapt this story and use the illustrations as long as you attribute in the following way:
MAMA
Author - irankunda laurence
Illustration - Catherine Groenewald
Language - Kirundi
Level - First words